Iremwa ni inyigisho yerekana ko umuntu, isi, hamwe n’ibindi
biremwa vyose vyaremwe mu ntango yavyo kuko ntivyabayeho kugihamana bivuye mu busa.
Tuba mu kibanza gito c’ahantu hatunganijwe neza, higenga kandi higenzura. N’ubwo hari ibijana n’ukubaho, ukunesha n’ivy’urupfu, dushingira intahe ubwiza, ubumote, urukundo n’indirimbo. Nimuvyiyumvire namwe. Ibiharuro, ivy’ubwenge, ibirere, uburimyi, ubutungane; vyose vyavuye mu busa? Vyongera biremwa giturumbuka?
Kuva mu ntango y’ababayeho bose gushika n’uyu musi abantu bari kw’isi, nta nsiguro dufise yotuma tutemera no kutabona uwo muhanga yatumye vyose bidukikije bibaho kandi bikazunguruka.Twategerezwa kwubaha, gusumba kwibona no gukekeranya.
Haciye nk’imyaka 3.000 Umwami Dawidi wa Isirayeli (zaburi 8:3-4) avuze ati «Iyo nitegereje ijuru ryawe,
igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; Umuntu n’iki aho umwibuka,
Canke umwana w’umuntu aho umugendera?»